Kigarama

Meanings:

  • By Niyonizigiye Rivardo

    Iryo zina rivuye mu rivuga “Kugaramanga”. Bakwita “ukwezi kw’inka”. Muri ukwo kwezi inka zirisha umuyonga waturiwe muri Nyakanga. Inka zikarisha zigahaga, zigashoka. Zihodotse bakazijana kuvyagira ku nama, zikagaramanga, amapfizi akirirwa arivuga. Nikwo kwezi kw’umuganuro. Abantu baba baguwe neza bagaramanga mu mihana iwabo bamerewe neza. Benshi baba banezerewe n’uko bagire barangize umwaka bakomeye.

    Login to vote.

    0