Rusama

Meanings:

  • By Niyonizigiye Rivardo

    Uku nakwo nikwo imvura yacikamwo. Haba havuga imituragaro n’imvura igwa ihwehura idafashe. Bakwita Rusama rusama imvura n’imituragaro. Muri Rusama, warashobora kuba uri ku mutumba wo hakuno ukanyagirwa ugatota ariko uri hakurya atuma inkungugu. Rusama bakwita kandi Rwirabura, kuko kwari ukwezi igihugu caboneramwo amakuba atari make. Bagufata nk’ukwezi kw’imikoshi : ntawubaka inzu canke ngo yimuke muri Rwirabura ; eka mbere ntan’uwashinga umuryango.

    Login to vote.

    0